FT: Atletico New Oil AC 1-2 Kayanza United…. ~ #MagaraTimesFM #RMT

Urukino rw’ ikirarane rwo Ku ndwi ya mbere mw’ ihiganwa rikuru ry’ umupira w’ amaguru mu Burundi (Primus-Ligue🇧🇮) rwariko ruhuza umurwi wa Atletico New Oil AC na Kayanza United, rurangiye ku ntsinzi y’ ibitsindo bibiri vya Kayanza United FC ku gitsindo kimwe ca Atletico New Oil AC.

Tubibutse ko Kayanza United FC yaheruka gutsinda umurwi wa Tigre Noir Worriors wo mu ntara ya Ruyigi ibitsindo bibiri vyose ku busa mu gihe umurwi Atletico New Oil AC waheruka gutsindwa n’ umurwi Musongati FC wo mu ntara ya Gitega.

Kugeza ubu, umurwi Kayanza United FC uciye ugira amanota atandatu mu nkino zibiri ukaba uyanganya n’ umurwi Bumamuru FC wo mu ntara ya Cibitoke uri mu kibanza ca mbere ni mu gihe umurwi Atletico New Oil AC ufise amanota ubusa mu nkino zibiri.

Ubona Atletico New Oil AC muri uno mwaka w’ inkino 2022/2023 ifise izihe ngorane naho hakiri kare ?

#PeresNibigira✍️
#RADIOMAGARATIMESFM



Source

About Magara Times FM 92.00 Mhz

NEWSDESK de la Radio Magara Times FM, émettant sur 92.00 Mhz en Province Rumonge et aux environs. | Tél: 61488466. | Fax: 71645434. | WhatsApp: 75844655. | Email: newsdesk@fm.magaratimes.com | Twitter at: @MagaraTimesFM. | Instagram at: @MagaraTimesFM. | Facebook at: @MagaraTimesFM. | Pinterest at: @MagaraTimesFM. | Tumblr at: @MagaraTimesFM. |

Check Also

Primus-Ligue 2022/2023: Les résultats de ce samedi, le premier Oct.2022 ainsi que les matches prévus ce dimanche, le 02 Oct.2022….

Primus-Ligue🇧🇮 2022/2023: Les résultats de ce samedi, le premier Oct.2022 ainsi que les matches prévus …

Primus-Ligue 2022/2023: Tous les résultats de la septième journée….

Primus-Ligue🇧🇮 2022/2023: Tous les résultats de la septième journée. FT: Buja City FC 0-1 Olympic …