FT: AS Inter Star FC 0-4 Le Messager Ngozi FC…. ~ #MagaraTimesFM #RMT

Urukino rwa mbere rw’ indwi igira gatatu rw’ ihiganwa rikuru ry’ umupira w’ amaguru mu Burundi (Primus-Ligue🇧🇮) rwariko rubera ku kibuga citiriwe Intwari kuri uyu wa gatanu itariki 26 Myandagaro 2022 hagati ya AS Inter Star FC na Le Messager Ngozi FC rurangiye ku ntsinzi y’ ibitsindo bine (4buts) vyose vya Le Messager Ngozi FC ku busa bwa AS Inter Star FC.

AS Inter Star FC yaheruka gutsindwa ku ndwi ya kabiri n’ umurwi Flambeau du Centre wo mu ntara ya Gitega ibitsindo bibiri kuri kimwe ni mu gihe Le Messager Ngozi FC kuri iyo ndwi nyene yo yari yanganije ubusa ku bundi n’ umurwi w’ igipolisi c’ Uburundi (Rukinzo FC).

Ku ndwi ya mbere AS Inter Star FC yari yatsinze bigoranye igitsindo kimwe ku busa bwa Magara Young Boys FC ico gihe nyene Le Messager Ngozi FC yari yatsinze ibitsindo bibiri kuri kimwe ca Buja City FC.

Ivyimfatakibanza, Le Messager Ngozi FC iraye mu kibanza ca mbere n’ amanota indwi (7pts) mu nkino zitatu (3matchs joués) mu gihe AS Inter Star FC iracafise amanota atatu (3pts) mu nkino zitatu (3matchs joués).

MN: Ejo kuwa gatandatu B S Dynamik FC izokwakira Aigle Noir CS ku kibuga Intwari igihe c’ isaha y’ icenda (15h00) mu gihe inkino zindi zose zizokinwa kuri uyu w’ Imana itariki 27 Myandagaro 2022.

AS Inter Star FC yoba iriko ihura n’ ibihe bibazo?

#PeresNibigira✍️
#RADIOMAGARATIMESFM






Source

About Magara Times FM 92.00 Mhz

NEWSDESK de la Radio Magara Times FM, émettant sur 92.00 Mhz en Province Rumonge et aux environs. | Tél: 61488466. | Fax: 71645434. | WhatsApp: 75844655. | Email: newsdesk@fm.magaratimes.com | Twitter at: @MagaraTimesFM. | Instagram at: @MagaraTimesFM. | Facebook at: @MagaraTimesFM. | Pinterest at: @MagaraTimesFM. | Tumblr at: @MagaraTimesFM. |

Check Also

Primus-Ligue 2022/2023: Les résultats de ce samedi, le premier Oct.2022 ainsi que les matches prévus ce dimanche, le 02 Oct.2022….

Primus-Ligue🇧🇮 2022/2023: Les résultats de ce samedi, le premier Oct.2022 ainsi que les matches prévus …

Primus-Ligue 2022/2023: Tous les résultats de la septième journée….

Primus-Ligue🇧🇮 2022/2023: Tous les résultats de la septième journée. FT: Buja City FC 0-1 Olympic …